AISD-Burundi

AISD-Burundi

Share

Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from AISD-Burundi, Health/Beauty, Bujumbura.

Photos from AISD-Burundi's post 03/06/2026

Igenekerezo rya 3/6/2026, Ishirahahamwe Action Intégrée à la Santé et le Développement, AISD en sigle, ryatunganije igikorwa co gushira kumugaragaro ibikorwa ririko rirangurira kumitumba iri muri zone Muyira, commune mukaza intara ya Bujumbura, ico gikorwa kikaba cari catewe iteka n, abaserukira intwaro kuriyo mitumba, umukuru wa zone muyira, uwujejwe ivy, intwaro n, iterambere muri commune Mukaza, cokimwe nuwujejwe agateka kazina muntu n, iterambere ry, abakenyezi muri commune mukaza.

Photos from AISD-Burundi's post 29/05/2026
Photos from AISD-Burundi's post 29/05/2026

Igenekerezo rya 29/5/2026, Ishirahahamwe riharanira amagara meza n'iterambere AISD, ryatanguje ibikorwa vyaryo kumugaragaro vyo gutanguza imigwi SDA yo kwiteza imbere ihurikiyemwo abakenyezi n'urwaruka kumitumba ya Burangwa, Mugendo, vuma cokimwe na kazigo muri zone Magara, commune Muhuta n'intara ya Bujumbura, Ico gikorwa kikaba catunganijwe nuwuserukira iryo shirahamwe AISD muri commune Muhuta umushingantahe NIMUBONA Felix.Ico gikorwa Kandi kikaba catewe iteka n'abaserukira intwaro kuriyo mitumba, uwuserukira igisata kiraba ivy'amashirahamwe muri zone Magara, ndetse nuwuramutswa iyo zone umushingantahe NIBIGIRA Pères

Photos from AISD-Burundi's post 26/05/2026

Igenekerezo rya 25/5/2026, Ishirahahamwe riharanira amagara meza n'iterambere AISD ryaramutse rigendera imigwi SDA yo kwiteza imbere ingana kuri 4 ihurikiyemwo abakenyezi n'urwaruka bangana 100,iryoshiramwe ryashinze muri quartier kajiji,zone kanyosha, commune mugere, intara ya Bujumbura, Icogikorwa kikaba cari gihagarikiwe n, abo muntwaro bagizwe n'uwutwara iyo quartier cokimwe n'icegera ciwe.

Photos from AISD-Burundi's post 21/05/2026

K'umuhingamo wokuruyu wa Kane igenekerezo rya 21/5/2026, hatangujwe kumugaragaro igikorwa co gutanguza 'imigwi yokwiteza imbere SDA biciye mumugambi BAHO KIBONDO w'ishirahamwe riharanira amagara meza n'iterambere AISD,iyo migwi ikaba ingana 50 ihurikiyemwo abakenyezi n'urwaruka bangana 1250.ivyo bikorwa bikaba vyatunganijwe n'ishirahamwe AISD kumitumba indwi yo muri zone kinzanza, commune Rutana, intara ya Burunga. Ico gikorwa kikaba catewe iteka n 'abakuru b' imitumba cokimwe n'uwutwara iyo zone ya kinzanza

Photos from AISD-Burundi's post 19/05/2026

Igenekerezo rya 18/5/2026 kumuhingamo hatunganijwe igikorwa co gushikiriza ibikosho bigizwe nubutabo hamwe na portes documents mu baserukirira imigwi SDA y' ishirahamwe AISD riharanira amagara meza niterambere mumugambi BAHO KIBONDO k'utumba wa museno zone Gitanga commune Rutana intara Burunga ,,,Ico gikorwa cari gihagarariwe numu C.A.C umushingantahe Niyungeko Gordien ariwe aserukira imigwi SDA y ishirahamwe AISD kuruwo mutumba.

Want your business to be the top-listed Beauty Salon in Bujumbura?
Click here to claim your Sponsored Listing.

Category

Website

Address

Bujumbura