Amakuru Yose

Amakuru Yose

Share

Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Amakuru Yose, Health/Beauty, Kigali.

Photos from Amakuru Yose's post 23/07/2026

: Ubuhinga bwo gukingira uruhongore k**a rw'igihugu rwa Kibira buguma bwiyongera

Mu gihe turi mu gihe c'ici, insamirizi n'imboneshakure vy'Uburundi (RTNB) vyarishikiye mu ruhongore k**a rw'igihugu rwa Kibira kugira bimenye ingene rukingiwe, kuko urwo ruhongore rusanzwe rufitiye ak**aro kanini igihugu n'abenegihugu.

Abel Nteziryayo ajejwe urwo ruhongore yabwiye "RTNB" ko mu gukingira urwo ruhongore, muri ino misi hariho umugambi uriko urashirwa mu ngiro n'umugambi w'ishirahamwe mpuzamakungu "ONU" ujejwe iterambere "PNUD" ufasha gushinga uburimbi butazimangana (bornes) bw'urwo ruhongore. Ngo hariho n'uwundi mugambi w'uko abenegihugu baca imiciro ahashinzwe bwa burimbi hanyuma bagaterako n'ibiti kugira urubibe rugume ruboneka ntihagire abavogera urwo ruhongore.

Abel Nteziryayo avuga ko hari n'abakozi bariko barakurikirana inyigisho zerekeye gukoresha ibikoresho vy'ubuhinga bwa none mu bijanye no gukingira urwo ruhongore, aho ngo abakozi bajejwe gucungera urwo ruhongore bazokurikiranwa aho bazoba bageze hose.

Uwo ajejwe urwo ruhongore atomora ko haheze imyaka yababa 10 atamiriro yiyadukiza mu , bivanye n'uko abajejwe intwaro, abenegihugu hamwe n'abajejwe gukingira ibidukikije, basanzwe basenyera ku mugozi umwe.

Nteziryayo amenyesha ko bimwe mu bibangamiye urwo ruhongore rwa Kibira ari ukuntu abenegihugu bajayo kurondera imigano canke abatema ibiti barondera inkwi, abashobora kuja kwimbayo ubutare. Iyo ngo hagize uwufatwa naho ngo arahanwa hisunzwe amategeko.

Avuga ko urwo ruhongore rurimwo ibinyabuzima bitari bike harimwo n'ibifasha abenegihugu nk'imiti k**a, imbiga, ivyamwa, ibizinu, n'ibindi. Mbere ngo hari n'inzuzi nyinshi zifise amasoko muri urwo ruhongore, akavuga ko Kibira ari ikigega c'amazi c'Uburundi. Eka ngo nk'abantu bo mu kiyaya ca Rusizi barima umuceri, amazi afasha imirima yabo ngo ava mu Kibira.

Uruhongore k**a rw'igihugu rwa Kibira ngo rufise uburinganire bwa hegitari 40.000, nk'ukwo itegeko ry'Umukuru w'igihugu inomero 100/282 ryo ku wa 14 Munyonyo 2011 rihindura ingingo zimwe zimwe mu ngingo z'itegeko inomero 100/007 ryo ku wa 25 Nzero 2000 rishinga imbibe z'uruhongore k**a rw'igihugu n'imbibe z'uturere tune k**a dukingiwe ribivuga.

22/07/2026

Bamwe mu rwaruka rwo mu gisagara ca Bujumbura babona ko gutegura imanza cane cane nk'ubugeni muri kino gihe bitwara uburyo bwinshi. Ngo hari rero abo usanga bipfuza gukora ibirengeye uburyo bafise. Bashikiriza ko hari n’abafata amadeni. Ku bwabo, hari aho usanga umengo ni ihiganwa. Umuntu agira akiyumvira ngo ntagize birya bazonkengera, bazonsuzugura. Bamenyesha rero ko ivyo bica bija mu binaniza abategura imanza.

Abo banyagihugu banegura ko hari aho wisanga mu murwi w’abantu 500 barutegura. Babona ko ico gitigiri baba batakiri abategura gusa ahubwo baba bashizwemwo ngo bazoterere. Basanga abageni boza barumvikana hagati yabo, bagakora ibihwanye n’ubushobozi bafise. Basigura ko vyobarinda ingaruka mbi ku mubano wabo w'inyuma y'urubanza. Ikindi bavuga ni abavyeyi rimwe na rimwe bivanga mu nteguro z’urubanza rw’abana babo. Bashikiriza ko bishika bakanasaba inkwano y’umurengera ku mwigeme kandi umuhungu bipfuza kubana afise ububayabaye.

Umwigisha yigisha ivy’imibano muri kaminuza asigura ko uko vyari kera atariko bikiri. Ngo nyene urubanza yarutegura abantu yatumiye bakaza yateguye kubazimana, bamuterera canke batamuterera. Didace Ndayikengurukiye avuga ariko ko ubu hari abaterereza umuntu kugira abafashe ivy’urubanza, bazokore ivyo bakeneye nko gukota imodoka, aho urubanza rubera n’ibindi. Ku bwiwe, birimwo ‘ukugorana’ kubera ubukene buhari. Ashikiriza ko ubu abantu bitaho ivy’amafaranga gusa, ku buryo umuntu yopfuma asiba mu rubanza ariko aguterere.

Uwo migisha yemeza ko ivyo hari ico vyica mu kibano. Amenyesha ko hari aho biba nk’umutwaro ku muntu canke bikavyura urwanko. Nk’umuntu ataguterereye mu rubanza ukabona ko ari umwansi kandi ashobora nawe kuba yari afise ibimugoye. Ahamagarira abantu gukora imanza zingana n’uburyo bafise, batumire abantu bashobora kwakira naho batoba babaterereye. Anegura ko zimwe mu manza ubu zabaye ibirori gusa, hari n’izindi zitari mu migenzo abantu bazanye kubera bazibonye ahandi. Abona ko bojana n’ibihe ntibabandanye bakoresha uburyo bwinshi.

22/07/2026

Abarongoye amakomine mu ntara zitandukanye baherutse kugabanya igiciro c’inyama. Nko muri komine Ntahangwa mu ntara ya Bujumbura, musitanteri yashinze ko kuva kuri uyu wa 20 Mukakaro ikiro c'umusoso kigurwa ibihumbi 30 kivuye ku bihumbi 35. Izirimwo amagufa bita cangacanga nazo ibihumbi 25 cahora ku 30. No muri komine Bubanza harashinzwe ibiciro bishasha. Ikiro c’umusoso w’inka cashizwe ku bihumbi 24 cahora kigurwa hagati y’ibihumbi 28 na 30. Ku bw’iyo ngingo, cangacanga yavuye ku bihumbi 18 canke 20 ija ku bihumbi 15.

N’ibiciro vy’inyama y’impene n’ingurube vyaragabanijwe. Eka n’ic’izokeje ziri ku mugeto bamwe bita mushikake caragabanuwe aho i Bubanza. Cashizwe kuri 3500 yahora ari 5000. No muri komine Bururi mu ntara ya Burunga ntibasigaye inyuma. Umusoso washizwe ku bihumbi 22 wahora ku yari hagati y’ibihumbi 25 na 26. Umugeto wavuye ku 4000 uja ku 2.500. Ingingo nk’izo zarafashwe na ba musitanteri b’amakomine ya Bugendana (Gitega), Gisuru (Buhumuza), Ngozi (Butanyerera) n’ahandi.

Abafata izo ngingo basigura ko bisunze ko n’ibitungwa vyazimbutse ku masoko. Nk'inka yahora ku miriyoni 8 mu minsi iheze ngo isigaye igurwa imiriyoni 5. Abanyagihugu barashima izo ngingo bagasaba ko ibiciro vyo kwubahirizwa. No mw’ishirahamwe riharanira agateka k'abaguzi mu Burundi ABUCO barabishima. Noël Nkurunziza, umunyabanga mukuru waryo anegura ariko ko hariho abajejwe intwaro batarakorora ico giciro. Abona ko coshingwa mu gihugu cose atari mu makomine amwe amwe.

Photos from Amakuru Yose's post 21/07/2026

Abarundi basabwa kubandanya kwinonora imitsi kugira bikingire indwara zitandukanye.

🏃Kuri uyu wa mbere abari mu murwi Pas à pas wo kwinonora imitsi watangujwe n'umutambukanyi w'Umukuru w'igihugu baragize urugendo rwo kwinonora imitsi mu ntara ya Bujumbura.

Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu Angeline Ndayishimiye amenyesha ko uwo murwi Pas à pas uhamagarira abarundi bose kwinonora imitsi kugira birinde, bikingire kandi bivure indwara zitandukanye. Akongerako kandi ko kwinonora imitsi bituma n'umuntu agira umutima mwiza.

Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu Angeline Ndayishimiye agahamagarira ababishaka bose bumva umugambi wo kugirira neza amagara yabo, kubandanya kwinonora imitsi bongere bagure n'umwambaro wa club Pas à pas kugira baze barinonora imitsi baberewe.

Akaba yaboneyeho akaryo ko kwambika uwo mwambaro umutamakazi batanguranye muri iyo Club Pas à pas afise imyaka 82 ariko ubu akaba aboneka nk'umuntu adafise iyo myaka kuko mu kwinonora imitsi ajana n'abandi bakiri bato.

Akavuga ko yamuguriye uwo mwambaro kuko aho baja hose kwinonora imitsi haba mu ntara zo hagati mu gihugu bama bajana.

Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu agasaba abarundi bose kwitaho kwinonora imitsi igihe cose bahejeje ibikorwa, ariko avuga ko hatogira abata ibikorwa bajejwe ngo bagiye kwinonora imitsi kuko batangura igihe c'isaha cumi n'imwe z'umuhingamo bahejeje ibindi bikorwa.

Photos from Amakuru Yose's post 21/07/2026

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Varisito Ndayishimiye akaba n’umukuru w’umuryango w’Ubumwe bwa ahejeje gufata urugendo kuri uwu wa 20 Mukakaro 2026 rumushikana i Accra mu gihugu ca Ghana, aho agiye guhagararira inama y’Ubumwe bwa Afrika yerekeye amagara y’abantu.

Photos from Amakuru Yose's post 20/07/2026

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru n'ibinyamakuru arashima ibikorwa vya RTNB

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru n'ibimenyeshamakuru Evelyne Butoyi yatanguje ingendo z'akazi zo kugendera ibisata bijejwe amakuru, kuri uwu wa 20 Mukakaro 2026,
izo ngendo akaba yazitanguriye mw'iradiyo n'imboneshakure vy'igihugu

Mu bisata vyo kumenyesha amakuru, Umushikiranganji yagiye aracamwo, bamumenyesheje ahanini inkuru ziri ku rutonde rw'amakuru baza gushikiriza mu makuru yo kuri uno wa 20 Mukakaro 202, amakuru ashimikiye ahanini ku buzima n'ineza y'abenegihugu.

Umushikiranganji Butoyi yamenyesheje ko yarazanye ubutumwa bwo gukeza abakozi b'imboneshakure n'iradiyo vy'igihug, akavuga ko ivyo bakora bishimwa n'indongozi, ko amakuru bashikiriza afasha indongozi gufata ingingo akigisha kandi abenegihugu kwiteza imbere, ivyo bigaterera cane muri ya Mbonakazoza ya 2040-2060.
Umushikiranganji akaba yamenyesheje ko izo ngendo agiye kuzibandaniriza no mu bindi bimenyeshamakuru vya Reta n'ivyigenga.

Mw'ijambo ryo kwakira Umushikiranganji, Umuyobozi mukuru wa RTNB yashimiye Reta y'Uburundi ku kuntu yama na ntaryo ishigikira bimwe biboneka ibikorwa vya RTNB, akavuga ko vyerekana umwitwarariko wa Reta y'Uburundi wo guteza imbere igisata co kumenyesha amakuru.

Photos from Amakuru Yose's post 19/07/2026

🚨AMAKURU MASHYA 🚨

Ikipe y’Igihugu ya Espagne yegukanye Igikombe cy’Isi cya 2026, itsindiye ku mukino wa nyuma, Argentina igitego 1-0.

Igitego rukumbi cyabonetse muri uyu mukino wamaze iminota 120 cyatsinzwe na Ferran Torres.

Ni Igikombe cy’Isi cya kabiri Espagne yegukanye mu mateka yayo.

19/07/2026

🚨 Isoko y‘i Buganda iriko irasha

Inyuma y‘iminsi 10, isoko nkuru y‘i Ngozi ihiye igatokombera, isoko y‘i Buganda nayo iriko irasha.

Gushika uyu munsi abadandaza baburiye ivyabo mw’isoko y‘i Ngozi ntibaramenya icabaciye amaboko.

I Buganda, abanyagihugu bariko baratabaza ngo ababijejwe bafashe kuzimya uwo muriro utarakwira hose.

19/07/2026

🏦 Kugira ihemba ry’abashoye umwimbu w’ibigori muri ryorohe, abarimyi basabwa kwuguruza amakonti muri COOPEC canke muri posita (poste)

✍️ Biri mw’itangazo ryasomwe kuri uyu wa 16 Mukakaro 2026 n’umuyobozi mukuru w’ikigo c’igihugu kijejwe kwegeranya no kubungabunga umwimbu , Olivier Bitegimana.

➡️ Iryo tangazo rimenyesha ko iyakirwa ry’umusesekara w’umwimbu w’ibigori vy’abarimyi ritahagaze ahubwo ribandanya ukuri kwamye ku masaha yo kuva sambiri z’igitondo gushika sakumi z’umuhingamo (8h-16h), ababijejwe bazomesha ibibanza vyabigenewe, igikorwa na co kizokorwa gushika isango rizomenyeshwa.

➡️ Ibiro bitarenze igihumbi vy’ibigori ku murimyi n’ivyo vyakirwa muri Anagessa, ibirenga, vyakirwa inyuma yo kuriha abashoye ibigori ubwa mbere.

➡️ Umurimyi wese ashorera umusesekara w’umwimbu w’ibigori wiwe asabwa kwuguruza ikonti muri COOPEC canke muri posita kugira ihemba ryorohe.



📷 : Yaga

Want your business to be the top-listed Beauty Salon in Kigali?
Click here to claim your Sponsored Listing.

Category

Website

Address

Kigali