Rukundo rutangaje
Rukundo rutaraba intera,rutita kubihe,ruhera inyota rumaze inyota,rukaruhuka ruruhuye.kurikira urubuga uzomenya vyinshi kuruwo mukunzi
Uyu musi turiho ariko ejo si ahacu!uyu musi turatunga tugatunganirwa ariko ejo bigahinduka.
Hari Imana idahinduka,ngo ihindurwe n'ibihe,iyo niyo nifuza kukumenyesha, nk'uko yatwimenyesheje mu mwana wayo!
Benshi turavuka tugakurira mu madini yabavyeyi,twaba tumaze kwigira hejuru,rimwe na rimwe tugashobora kuyahindura,ariko imitima yacu igahorana ubwoba bw'iyo tuzoja inyuma y'ubu buzima dufise ino mw'isi.
Mbega woba ugira igihe ukibaza uti,ubwo ibi nakuriyemwo,canke ibi ndimwo ubu,yoba ari Imana vy'ukuri ndiko ndakurikira?Ko turi kw'isi ejo tuzoba twayivuyeko,inyuma yaho tuzoba turi he?hoba har'ubundi buzima inyuma y'ubu bugoye tubamwo ino mw'isi ?
Ukaba wifuza ko tuganira nawe,kugira umutima wawe umurikirwe n'umuco kur'ivyo bibazo be n'ibindi vyinshi biduhanze mur'uyu mubiri,siga aka numéro kawe ka watsp,tugushire ku rubuga umenye inkuru nziza ibohora kandi ikamurikira umutima wawe.
ushobora kuba umaze igihe wumva ivyo wigishwa canke ivyo wigishijwe mw'idini ryawe bitaguhaye,umuco wifuza.
"Umuco warabonetse wakira mu mwijima ariko umwijima ntiwawakira!"ikibazo nuko ushobora kuba utabimenye,idini ryawe ritabikumenyesheje,ataruko rikwanka ahubwo aruko ryaguhaye ivyo rifise !
Muhawe ikaze,mubisangize kandi mubisangire n'abandi !
Abantu beeeenshi cane,baherereje imitima yabo kubitagira ikimazi,iyi si twayisanzeko igihe kizogera tuyiveko,nivyiza ko tubaho tuzi dufise ivyizigiro vyaho tuzoja inyuma yubu buzima.
Uwo wese yumva afise intuntu mu mutima anihishwa nivyo abona bibera muriyi si,tugendamwo nibibera muriyisi itugendamwo,wosiga akanumero kawe ka watsp tugafataniriza hamwe,tugakora urubuga dufashirizwamwo kwitegurira umunezero tuzogira inyuma yo kuva muriyisi mbi,iruhije benshi.murakoze
10/12/2023
Amahoro ncuti z'umusalaba!
Reka nibaze akabazo n'ubwo ivyo ngira nibaze bitobaho.
Nk'ubu bish*tse intumwa Paul ikagaruka kw'isi,ikaraba imyizerere iri mu ba kristo muriki gihe cacu,ni nk'ibihe bintu nka bitatu vyomutangaza cane kurusha ibindi?"
Mbega woba wibaza impamvu,Imana idusaba kuyizera???
Impamvu ntayindi ncuti,
Kuva adamu yacumura abantu twatakaje kubona ibintu nkuko Imana ibibona,"nkuko ijuru ryitanguye isi niko ivyiyumviro vy'Imana bitandukanye nivyacu".
Abantu twe dufatira kubigarara namaso yacu mugihe Imana yo ifatira kubigaragara mumaso yayo.
Uturorero ni twinshi,uyu musi reka mvuge kuri kano :
Imana yaremye umuntu umwe,iba iremye abantu bose ariyo mpamvu twitwa ibiremwa vy'Imana,
Ku Mana abantu twese twabereyeho umusi umwe,ariko kuri twebwe abantu tubaho igihe tuvutse,ariyo mpamvu umusi tuberaho kubantu,bigenda bitandukana n'ubwo ku Mana yo iziko twabereyeho rimwe.
Guhindura ivyiyumviro vyacu rero tukemera kugendera kuvyiyumviro vy'Imana nico bita kwizera!!wewe nanje biradusaba kuyizera kuko ariyo ifise ukuri kuturusha.
Tuzogenda tuganira kutundi turorero twinshi tuzodufasha kwumva uko Imana ibona ibintu bimwe bimwe bibera murubu buzima bwacu.
Yesaya 55:7-9
Ivyakozwe n'intumwa 17:26-27
Wewe nanje twari twaguye mubambuzi baradukoba batunyaga ivyo dufise vyose,dusigara turi intere.
Ico gihe amatego twigishwa buri munsi ntaco yatumariye ahubwo yatumye turushaho kuremba,nibikorwa vy'Imana navyo ntaco vyadufashije imitima yacu yarushirije kuturega.
Hashimwe umusamariya we yatubonye tukamutera akagongwe akita kubiguma vyacu akabisomoza amavuta,akadushira kundogoba yiwe akaturwaza,ndetse akagenda yishuye nivyo tuzokenera vyose.yesu warakoze ubishimirwe ibihe bidashira.
Mbese nawe woba waramenye ivyuwo mukunzi yadukunze bihebuje????
Tugiye gutangurira ku migani 2,izotwereka neza urukundo rutangaje Imana yadukunze:
Umugani wa mbere nuwo yesu yaciriye abagishwa biwe tukaba twakuze tuwigishwa ariko ntitumenye neza ico Imana yagomba kubwira imitima yacu.uwo mugani turawusanga mugitabo ca Luka 15:11-32 "umugani wumwana wicangazi."
Abagirirwa Ubuntu bawusome tuzowuganireko twese twumvise ibiwuvurwamwo.
Mu gihe ivyacu,imbaraga zacu,ivyo twizigira vyooose biduhezeko,data adutegurira ibirori imitima yacu ikongera ikanezerwa.
Dore urukundo dore umukunzi,tutarabaho yadukunze tutabizi adupfira tutabikwiye,urashaka nawe kudasigarana amakenga kuvyagakiza kawe?kurikira runo rubuga nawe uzomenya ukuri kandi ukuri kuzoguha kwidegemvya.
Click here to claim your Sponsored Listing.
