IVYA YESU TV

IVYA YESU TV

Share

Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from IVYA YESU TV, Kiserian, Bujumbura.

✍️ Icivugo cacu IVYA YESU TV: Ijambo rya Kristo ribe muri mwebge rigwiriye, ririmw' ubgenge bgose: mwigishanye, muhanurane, muririmba zaburi n'indirimbo n'amatazirano y'ivya Mpwemu, muririmbire Imana mu mitima yanyu mubiheshwa n'ubuntu bgayo✋.

13/10/2026

Amen

13/10/2026

Félicitations Olivier & Chimène Joëlle

13/10/2026

🧎 ukaturira umukozi w'Imana nasanze navyo bifise ikimazi gikomeye cane.

✍️ Kuko ha mpande yo guharirwa, uraronka impanuro hamwe n'isengesho ry'umukozi w'Imana kugira ngo ubashe kunesha ivyaha vyahora bigutsinda.

🔥 Nk'uko impuzu igurwa rimwe gusa kandi ari nziza ariko bigasaba kwama imeswa iyo icafuye niko n'agakiza umuntu akaronka umusi yihana ariko bigakenerwa kwama yiyeza iyo vyamugoye.

🧎 Niyo mpamvu iyo twahuye n'ibiducafuriza imitima twihutira mu maraso ya Yesu, tukahakura amahoro n'umunezero.

Nawe n'akahe kamaro wabibonyemwo🎤?

13/10/2026

iti naho winyegeza mubandi umugeni wewe ariho hariho abaherekeza abandi kuko Bose si abageni.Imana idufashe

13/10/2026

Ijambo ryavuzwe n'Imana

12/10/2026

Chorale iti : Wewe uruhijwe n'ivyaha hamwe n'integenke zidahera wewe utsindwa keshi wabuze amahoro iti ngwino Kwa Yesu arakiza.

Iti Musange igologota upfukame urakira, iti wizere Yesu Umwami nawe araguhindurira amateka. Amen

💒Mugenzi woba utarakira Umwami n'Umukiza m'ubugingo bwawe nturindire ejo mwakire ubu bikigushobokera nawe aguteze ibiganza.


🚶Ni murondere Uhoraho bigishoboka kw abonwa, ni mumwambaze akiri hafi: umunyavyaha n'areke inzira yiwe, ugabitanya areke ivyiyumviro vyiwe: agaruke k'Uhoraho, na we aramugirira ikigongwe, agaruke ku Mana yacu, kukw ikunda guharira.
Yesaya 55:6-7.👋Imana ibahezagire

12/10/2026

🔥 Yitwa Pasteur Nengesere David umwe mu ba Pasteur bo muri Centre Nyakarambo, misiyoni ya Kiremba.

🎤 Mu kuronka Mpwemu Yera aho abandi basenga bipfuza kubatizwa muri Mpwemu Yera, nawe yarimwo kandi bagasaba imbabazi ku bitagenze neza vyose, niho rero yaca yibuka umuntu yatwaye agatambara ko kwihanagura Mouchoir.

✍️ Kubera ko nya muntu atari hafi vyasaba ko azofata urugendo ngo aje kumusaba imbabazi kandi bikazosaba imisi, niho yaca asenga isengesho ati Mana nanje mpa Mpwemu Yera naho ntaramusaba imbabazi, igihe kigeze nzogenda tubitunganye.

🕊️ Imana yaramwumvise nawe iramuha Mpwemu Yera hama nawe harageze igihe araja kurondera wa muntu arabitunganya Imana ishimwe cane.

12/10/2026

Mu mahanga yose uyubaha agakora ivyo kugororoka Imana yacu iramwemera

12/10/2026

: Abasirikare bari mu mugwi w’10 uheruka kuva mu bikorwa vyo kugarukana amahoro n'umutekano mu gihugu ca "Centrafrique" batanze imfashanyo abana barerewe mu kigo c'impfuvyi c'i Kiremba

Kuri uwu wa 10 Gitugutu 2026, abasirikare bari mu mugwi w' 10 uheruka kuva mu gihugu ca "Centrafrique" kugarukanayo amahoro n'umutekano batanze imfashanyo igizwe n’ivyankenerwa bitandukanye abana b'impfuvyi bakenera mu kigo kirerewemwo abo bana kiri muri zone Kiremba, komine Bururi mu ntara ya Burunga, mu gukengurukira Imana ko yabarinze igihe cose bamaze muri ivyo bikorwa.

Uwari arongoye uwo mugwi w’ 10, Colonel Manirakiza Théobard, yamenyesheje ko ico gikorwa baciyumviriye baravye ahari abakeneye ubufasha gusumba abandi, ngo kuko igikorwa co kurera impfuvyi gisaba uburyo bwinshi cane.

Umuyobozi w'ico kigo c'irerero kiri i Kiremba, François Ntiranyibagira, yashimye iyo mfashanyo, aca avuga ko ico kigo cakira abana babura abavyeyi babo bakivuka, bakwije imyaka itanu bagaca babarungika mu miryango baje bavamwo. Ngo kuva ico kigo gitangura, kimaze kuramura abana barenga igihumbi. Ubu ngo bafise 76, kuva uwu mwaka w’ 2026 utangura ngo bakaba bamaze kwakira abana 22.

Umuyobozi w'ico kigo yabandanije amenyesha ko bamaze igihe bariko barakira abana benshi batahora bakira ku mwaka, kandi ngo abo bana bakenera vyinshi cane vyo kubagaburira no kubambika. Ngo kubona baragize ico ciyumviro co kuja gufasha abo bana, ngo uwo mutima Imana izowubahembere.

Yaciye atera akamo n'abandi babishoboye kuja guseruka kuri abo bana, ngo kuko "Uwuguranye umworo aba aguranye Imana".

11/10/2026

: 11/10/2026

📖 9h 30 Pasteur Kazungu Manassé yatanguje Cantique 115=> Ndos'incuti nziza cane.

🎤 Ubutumwa bgiza bguguruwe n'umuvugabutumwa w'i Kigozi Niyonkuru Elias aho yasomye muri Mariko 1:14-15 ati Twihane neza ntituzomaramare Yesu ni yaza.

🎤 Hasubiye Pasteur Mberwa Enock asoma 3Yohana 1: 1-12 ati Dukwiye gushingirwa intahe n'abantu bose nka Gayo na Demetiriyo ntitube nka Diyotirefe yazanye imivurungano mw'ishengero.

🎤 Harangije Umwungere wa mbere w'i Kiremba NIRIKANA Eliachim asoma mu vyahishuriwe Yohana 3:7-13 hamwe n'ivyakozwe n'intumwa 16:6-34 atubgira uko Yesu ashobora gushira urugi rwuguruye imbere y'abantu biwe mu butumwa bgiza kandi ko azoturinda igihe co kugerageza ababa mw'isi yose.

⌚ Nk'igihe ca 14h niho amiga ya mbere yarangiye Imana ibahezagire mwese 🖐️.

Telephone

Address


Kiserian
Bujumbura

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when IVYA YESU TV posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Subscribe

We will notify you when anything happens in Bujumbura.