Pilote Aladin

Pilote Aladin

Share

Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Pilote Aladin, Health/Beauty, Kapsabet.

22/09/2025

Luis Enrique: “Ndacarizera ko dushobora gutsinda Chelsea”

🗣️🗣️ "Mu mukino wa nyuma w'igikombe c'isi c'imigwi ya FIFA twakinnye neza, ariko guheza ni co cari ikibazo cacu(finishing ) — Chelsea yararonse amahirwe n'ibitego vyayo. Ntiyari itwara umupira w'amaguru vy'ukuri. Nitwaronka uwundi mwanya wo guhura na Chelsea, bazobona ingaruka zavyo."😂

🛬

22/09/2025

✅🔴👊BOUMMM !!! Ballon D,Or Ngo bishobora kurangira igiye muri Fc Barcelone

▪️Nkuko ibinyamakuru vyishi bibivuga nuko ngo hagati ya Lamine Yamal na Raphinha umwe yoba yarabwiwe ko ariwe azotahukana umupira winzahabu uza gutwanga uno musi

▪️Bikavugwako hari nabantu 20 batumiwe baza kuza kubashigikira mubirori biza kuba uwumusi kuko ninaho iza gutangigwa

▪️Igisigaye kumenya yoba ari Lamine yamal canke Yoba ari Raphinha ariko nukuri ino ballon d,Or kumenga gutangwa baraba ibitandukanye nivyo twebwe twabonye Dembele yoba ahowe iki ko yirabura canke?

👌👌✍️Ndabibutseko umukozi umwe wa France football yigeze kwicuza ngo ballon D,Or twahaye umuny,Afrika twakoze ikosa ridasanzwe ritazongera gukorwa

22/09/2025

Abatalibani bahagaritse ubuhinga ngurukanabumenyi(Internet) muri Afganistan mu ntumbero yo kwirinda amasanamu y'ibiterasoni arabwa n'abanya Afganistani.

Ibintu vyose bikoresha umuhora wa internet vyahagaze muri Afganistani eka ndetse n'ibiro bitari bike bikaba vyabuze internet kuva mw'ijoro ryo kuri uyu wa mbere mu ntara ya Balkh, abatalibani basanzwe barongoye ico gihugu bakaba bategetse ko umuhora wa Fibre Optique winjiza ubuhinga ngurukanabumenyi(internet) uhagarikwa, aba bakaba bavuga ko ari mu ntumbero yo kurinda abanya Afganistani kuraba abashusho y"ibiterasoni.

Ku wa kabiri iyi ngingo yahavuye itandukira n'izindi ntara, intara nka Badakhshan, Kandahar na Helmand, umumenyeshamakuru Margot Davier akavuga ko mu mabarabara yo mu bumanuko bwa Afganistani umwiheburo ari wose.

Adama Mahamat umurwizatunga akora urudandazwa rwo kwinjiza no gusohora ibidandazwa hagati ya Dubai na Afganistani ishavu riraniga aho avuga ko agira yiyumvire kuva muri Afganistani kuko adashobora kuba mu gihugu kitagira internet.

"Kubera iki baca internet? abatalibano batanguye bategeka abagore ko bategerezwa kuguma bitwikiriye none ubu naho ni internet...turashavuye cane...nzohava mva muri iki gihugu..ishirahamwe ryanje ririko rirahagirira ingorane ubu sinshobora guhamagara umuntu n'umwe i Dubai....sinshobora gukora ikintu na kimwe; sinshobora no kurungika ubutumwa bwa mail, sinkoresha whatsap; nzova muri iki gihugu nibataturekurira gukoresha internet.

Ikinyamakuru c'abafaransa Rfi kivuga ko ari irya mbere ingingo nk'iyi ifatwa kuva abatalibani basubira gufata ubutegetsi mu mwaka wa 2021 inyuma y'uko abanyamerika bavuye muri Afganistani.
🛬

Inkomoko: Rfi

🛬

31/08/2025

Ehe ivyo bintu 10 vy’ingenzi womenya ku vyerekeye Kenya:

1. Umurwa mukuru: Nairobi ni umurwa mukuru kandi ni co gisagara kinini kuruta ibindi vyose, ariko Mombasa (ku kiyaga c’Ubuhindi) na co nyene ni igisagara nyamukuru c’ubudandaji n’ubukerarugendo.

2. Abanyagihugu: Abantu nka miliyoni 55, bafise ubwoko bwinshi cane (imigwi irenga 40), harimwo Abakikuyu, Abaluo, Abaluhya, Abamaasai, n’abandi.

3. Indimi: Indimi zibiri zikoreshwa ni Icongereza n’Igiswahili, ariko hariho indimi nyinshi zo muri ako karere zivugwa.

4. Ubutunzi: Kenya ni igihugu gifise ubutunzi buhambaye muri Afirika y'ubuseruko, gishingiye ku buhinzi (ikawa, icayi, amashurwe), ubukerarugendo, ibikorwa, n'ubuhinga (Nairobi yitwa "Silicon Savannah").

5. Ubukerarugendo n’Ibidukikije: Ni ahantu heza ho gutemberera: Masai Mara, Amboseli, Tsavo, Umusozi Kenya, n’ibindi, hari ibikoko vyinshi (intare, inzovu, inzovu, inzovu, inzovu, n’ibindi).

6. Inkino: Kenya izwi kw’isi yose kubera abakinnyi bayo, cane cane abarusha urugendo rurerure n’abarusha urugendo rurerure, akenshi bakaba ari bo batsinda mu mikino ya Olympique no kw’isi yose.

7. Amateka: Ukwikukira ku Bwongereza mu 1963. Jomo Kenyatta niwe yabaye umukuru w’igihugu wa mbere.

8. Umuco: Uratandukanye cane, ukozweko n’imigenzo y’Afirika, Abarabu, Abahindi, n’Abanyaburaya (umuziki, imvyino, ubuhinga).

9. Ubutaka: Igihugu co muri Afirika y’Ubuseruko gikikujwe n’Ikiyaga c’Ubuhindi, gica mu kiyaya ca Rift, gifise umusozi Kenya (isonga rya kabiri ry’uburebure muri Afirika) n’ikiyaga Victoria (ikiyaga kinini kuruta ibindi vyose muri Afirika).

10. Amafaranga: Ishilingi ya Kenya (KES).

Nikihe kindi gihugu wipfuzako ndakubwira bimwe mubintu vyaco vyingenzi?🙇👊
Duhurire muri commentaries mumbwire

12/04/2023

yemereye Georges Mendes umu agent wa Fati kuganira niyindi mirwi yoba imwipfuza kumafranga atari misi ya 40€
Abafana ba BARCELONE iyonkuru muyakiriye gute??

12/04/2023

Bamwita Dayot Upamecano ari mubafashije kugira yironkere intsinzi kumusi wejo🤣🤣🤣

12/04/2023

🛑 Amakuru mashasha kuri Alejandro Baldé
wa FC Barcelona.

_____________________

Umusore akiri muto akina k'uruhande rw'ibubamfu mu mugwi wa FC Barcelona Alejandro Baldé arashimisha cane uburongozi bw'uwo mugwi w'aba Blaugranas, ku myaka 19 gusa y'amavuka, uwo musore atanguzwa kenshi mu kibuga, bivanye n'ukuntu yigenza neza, yicaritse kugatebe Jordi Alba (umukinyi yakinye kur' urwo ruhande imyaka myinshi mu mugwi wa FC Barcelona).

Uwo mugwi w'i Catalunya umaze igihe uriko uriga ku bijanye no kwongereza amasezerano Alejandro Baldé, kandi amakuru yo kwizera ahari n'uko impande zose zisa n'izimaze kwumvikana kur' ico kintu, nk'uko ikinyamakuru Sport kivyandika.

Uwo musore w'umunya Espagne, ashobora gushira umukono ku masezerano mashasha yo kubandanya akinira umugwi wa FC Barcelona gushika muri 2027 n'agaciro (clause liberatoire) kangana na € 1 Milliard.

Alejandro Baldé yipfuza kubandanya akinira umugwi wiwe wamureze, Aho ndetse n'ibiganiro hagati ya Barça n'uwumuserukira (Jorge Mendes) bamaze kugirana ibiganiro kandi ibintu bimeze neza cane, bivugwa ko ikintu cambere Barcelone bihutira ari uguha amasezerano mashasha uwo musore yamuka mu gihugu ca Guinea.
💫 Pilote

12/04/2023

Ndaramukije aba fans ba naba sinabibagiye kuko bose ndabizi bishimiye intsinzi yejo

Want your business to be the top-listed Beauty Salon in Kapsabet?
Click here to claim your Sponsored Listing.

Category

Website

Address


Kapsabet